Amakuru
31 octobre 2023

Mu guhakana icegeranyo c’intumwa ya ONU, hari gutangwa ivyemezo vy’ibihushane vyaco (Baricako)

Ngo uwuja gukira indwara arayirata. Leta igumye ihakana amabi akorerwa mu gihugu, ni uko ata gushaka gutorera ico kibazo inyishu. Ivyo binegurwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ni mu gihe Zéphyrin Maniratanga, aserukira Uburundi mw’isharahamwe mpuzamakungu ONU, yifatiye mu gahanga intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe kuraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi. Maniratanga akaba yahakanye ibivugwa mu cegerenyo c’iyo ntumwa. Marie Louise Baricako, ati nta ho tuva nta ho tuja.