Amakuru
20 janvier 2021

Mu gihugu c’Urwanda hafashwe ingingo yo kugumiza abanyagihugu baba mu gisagara ca Kigali mu ngo zabo

Mu gihugu c’Urwanda hafashwe ingingo yo kugumiza abanyagihugu baba mu gisagara ca Kigali mu ngo zabo. Leta y’Urwanda yafashe iyo ngingo ikomeye ifatiye ku bitigiri vy’abandura bimaze igihe vyongerekana. Bagasigura ko mu minsi mirongo itanu gusa hamaze kugwara ica kabiri c’abari bamaze  kwandura kuva iyo ngwara yibonekeje muri Ntwarante 2020.