Amakuru
26 mai 2022

Mu buzi bwose, abakenyezi n’abagabo bakwiye kuronswa amahirwe amwe

Ukungana kw’amahirwe mu kazi ku bagabo n’abagore kuracari kure cane. Bishikirizwa na Jacqueline Habonimana, ari mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Jacqueline Habonimana ahamagarira abakenyezi kwama berekana ko bashoboye, ngo kuko hari igihe abakoresha batazoba bacirengagiza ubuhinga bwabo.