Amakuru
28 mai 2022

Mu bindi bihugu, abahesheje iteka igihugu cabo mu makungu barahabwa ikibanza c’iteka

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD busa n’ubudaha agaciro ibikorwa vya bamwe mu Barundi bahesha iteka igihugu mu makungu. Ivyo bikagaragarira ku kungene busa n’ububafata minenerwe iyo bitavye Imana mu kubahambana iteka rihuye n’ico baba baramariye igihugu. Uturorero tumwe tumwe tuvyerekana, ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba agateka kawe, radiyo RPA na Télévision Renaissance.