Amakuru
20 janvier 2022

Malariya irasinzikaje impunzi zo mu makambi ya Lusenda na Mulongwe muri Congo

Indwara ya Malariya iragisibije mu makambi y’impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu giharanira demokrasi ya Congo kuva mu kwezi kwa Kigarama 2021. Mw’ikambi y’i Lusenda ku munsi handura abantu bagera kw’145, naho i Mulongwe hakandura abagera kuri 80 ku munsi. Ibi bikaba biri mu matohoza yakozwe n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa wa FORSC, akavuga ko ahanini biterwa n’inzara hamwe n’umutekano muke vyugarije izo mpunzi. Ernest Nkurunziza agasaba ishirahamwe HCR gukora ivyo ryiyemeje kugira rikingire izo mpunzi mu mpande zose.