Amakuru
16 février 2024

Urunani FORSC ruranegura ingingo y’ubutungane yemeza ipfungwa imyaka 10 rya Floriane Irangabiye

Sentare ntahinyuzwa yarashimangiye ku munsi wa kane ingingo yafashwe na sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yo gupfunga umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye imyaka 10. Mu baharanira agateka ka zina muntu, umubabaro ni ntangere. Mu runani rw’amashirahamwe FORSC bavuga ko ivyo vyerekanye intumbero y’ubutegetsi yo kunumisha uwo wese atavuga rumwe na yo. Umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye FORSC, ati ni ikimenyetso ko ubutungane butigenga na mba.