Amakuru
26 septembre 2023

FORSC ibona ko ibihuha kw’itembagazwa ry’ubutegetsi bituruka ku kwihebura kuva ku ntwaro mbi

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye nti yari akwiye kwagiriza umuntu n’umwe ku vyerekeye ibihuha bivugwa y’uko hari itembagazwa ry’ubutegetsi ririko rirategurwa. Bivugwa n’umunshingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Ku bwiwe, ivyo bihuha biva ku mubabaro n’umwizero muke abanyagihugu bafise kubera intwaro mbi y’umugambwe CNDD-FDD.