Amakuru
14 octobre 2021

Ludo De Witte arerekana ivyinyegeje inyuma y’igandagurwa rya Rwagasore

Uruhara rw’Ububirigi ruragaragara mw’igandagurwa rya Ludoviko Rwagasore. Ivyo vyemezwa n’umuhinga muri kahise akaba n’umwanditsi w’Umubirigi, Ludo De Witte. Akaba aheruka gusohora igitabo kijanye n’amatohoza yari amaze imyaka ariko arakora kw’igandagurwa rya Rwagasore. Ludo De Witte agahamagarira Ububirigi kwemanga uruhara rwagize muri ubwo bwicanyi. Ludo De Witte akaba yabivugiye kw’iradiyo y’Abafaransa RFI.