Leta y’Uburundi iriyamiriza igitero cakozwe n’umuhari RED-Tabara, leta ifata ko ari umuhari w’iterabwoba, cabaye mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma muri komine Gihanga, intara ya Bujumbura. Leta ivuga ko hapfuye abantu 9 abandi 5 barakomereka, mu bitavye Imana hakabamwo umusirikare yari aje gutabara. Jérôme Niyonzima, umunyamabanga mukuru wa leta, avuga ko ico gitero cakozwe na RED-Tabara yafashijwe n’igihugu c’Urwanda. Akaba asaba Abarundi bose gufatana mu nda mu gutsimbataza amahoro n’umutekano kuri bose.
Amakuru
27 février 2024