Amakuru
2 avril 2024

Nta biganiro biri hagati y’Uburundi n’Urwanda ku bijanye n’iyugururwa ry’imbibe

Nta biganiro biriko biraba hagati y’Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda ku bijanye no kwugurura imbibe z’Uburundi n’Urwanda zugawe mu mpera z’umwaka uheze. Vyashikirijwe n’umuvugizi wa leta y’Uburundi, Jérôme Niyonzima, mu kiganiro abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bariko barishura ku bibazo vy’abanyagihugu ku munsi wa gatanu uheze. Asigura ko leta ya Kigali itarashira mu ngiro ivyo leta y’Uburundi isaba, ariko rero akemeza ko hariho uguhanahana ivyiyumviro hagati y’ivyo bihugu, ico gikorwa na co kikaba kirongowe n’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC.