Amakuru
15 novembre 2022

Leta y’Uburundi yariyemeje gufata inzira y’iterambere ibicishije mu gushigikira imigambi y’urwaruka

Leta y’Uburundi yariyemeje gufata inzira y’iterambere ifatiye cane cane mu gushigikira imigambi y’urwaruka. Umushikiranganji w’Abakozi ba leta n’akazi, Déo Rusengwamihigo, yabimenyesheje kuri uyu wa 14 Munyonyo, aho yari aramutse yugurura icese indwi mpuzamakungu yahariwe imigambi y’iterambere. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari « Imigambi y’iterambere mu Burundi ni myinshi ikwiye kurangurwa ».