Amakuru
14 septembre 2023

Ikibazo c’abashaka kwigisha carafuswe muri komine ya Ntahangwa

Ibara mu burongozi bw’indero muri komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Ikibazo c’abashaka ibibanza vyo kwigisha carafuswe, kikaba kizosubirwamwo kubera amakosa menshi yakiranze. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’umushikiranganji w’Akazi. Déo Rusengwamihigo yabishikirije ari mu nama n’abakozi bo mu gisata c’indero b’amakomine ya Mukaza na Ntahangwa ku munsi wa kabiri. Akaba yari kumwe n’umushikiranganji w’Indero. Aho nyene yaraneguye ubusuma bwakorewe umuntu yongerwa amanota adasanzwe, maze ikibanza ciwe gica gihabwa uwundi.