Amakuru
4 octobre 2023

Ibice birenga 95% vy’abakukuruke biramaze kwigwa kugira baronswe pansiyo nshasha

Amadosiye y’abakozi ba leta bazoronswa pansiyo iri mw’itegeko rishasha aramaze kwigwa ku bice birenga 95%. Vyatangajwe ku munsi wa mbere n’uwahoze ari umushikiranganji w’Akazi n’abakozi. Déo Rusengwamihigo agasigura ko ico gikorwa cafashe igihe kirekire kubera kitari coroshe na mba.