Amakuru
10 février 2021

Leta y’Uburundi niyaba ishaka gusubira kuronka imfashanyo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ikwiye guhindura ingendo, igakwirikiza ivyo yiyemeje vyo kwubahiriza agateka ka zina muntu

Leta y’Uburundi niyaba ishaka gusubira kuronka imfashanyo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ikwiye guhindura ingendo, igakwirikiza ivyo yiyemeje vyo kwubahiriza agateka ka zina muntu. Bivugwa na Frédéric Bamvunginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Na kare ngo mu vyo leta isabwa nta mananiza arimwo, kuko ntakindi Ubumwe bwa Buraya busaba atari uko leta y’Uburundi yoreka kwica abanyagihugu bayo be n’ukureka kunyuruza amatungo y’igihugu.
#UE