Amakuru
18 novembre 2023

Leta y’Uburundi isaba abadandaza kwijukira urudandaza rwo hanze y’igihugu

Leta y’Uburundi irahumuriza abakora urudandaza rujabuka imipaka ya Congo n’Uburundi ruri mu Gatumba. Umushikiranganji w’Ubudandaji yaratanguje umugambi wo kworohereza abadandaza b’akarere k’ibihugu vy’ibiyaga binini. Marie Chantal Nijimbere akaba yibutsa ko urwo rudandazwa rugengwa n’itegeko ry’urudandaza ruca aho ku mupaka wa Gatumba, ariko bakitwararika gukurikiza amategeko. Ivyo bikazotuma abo badandaza badasubira no guta umwanya ku mupaka mu kurihira ibidandazwa. Marie Chantal Nijimbere ahamagarira n’abandi badandaza gukora bisunga amategeko.