Amakuru
6 février 2021

Leta y’Uburundi irashima ko hari inzego zubahiriza ubutungane kuri bose, intwaro ibereye hamwe n’amahoro kuri bose

Leta y’Uburundi irashima ko hari inzego zubahiriza ubutungane kuri bose, intwaro ibereye hamwe n’amahoro kuri bose. Ivyo bikaba biri mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije kuri uyu wa kane, buca hahimbazwa imyaka 30 iheze hashizweko umukono ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, umusi uhimbazwa buri genekerezo rya 5 Ruhuhuma. Ariko rero umugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta, ubona ko nyabuna hari ubutungane bukorera umugambwe uri ku butegetsi, buhabwa amategeko n’akarwi k’abarongoye igihugu. Pr Charles Nditije akaba asaba nyabuna ko Leta yoreka ubutungane bukigenga.