Amakuru
28 avril 2022

Leta y’Uburundi irarajwe ishinga n’ugukingira ibikorwa vy’abanyatugenegene

Itunga mvabwenge rifise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu. Vyemezwa na Ezéchiel Nibigira, umushikiranganji w’Imicokama. Hari kuri uyu wa kabiri aho hari haramutse hahimbazwa Umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’ibikorwa mvabwenge. Ezéchiel Nibigira akamenyesha kandi ko mu mategeko n’amabwirizwa ya Leta, itibagiye gukingira agateka k’abahinga n’ivyo bahinguye.