Amakuru
11 février 2022

Leta y’Uburundi iranezerezwa n’ikurwa ry’ibihano yari yafatiwe n’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya

Ikurwaho ry’ibihano ku Burundi ngo vyavuye mu biganiro Uburundi bwagiranye n’Ubumwe bwa Buraya kuva mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze. Bishikirizwa na Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire n’ayandi makungu. Hari kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Albert Shingiro aramenyesha ko mu bushikiranganji arongoye bagiye gukorera cane mu bijanye n’iterambere mu migenderanire.