Amakuru
18 novembre 2023

Leta yerekanye ko ata buntu ifise mu kwihoza imiryango y’abasirikare baguye muri Congo (Baricako)

Evariste Ndayishimiye ategerezwa kugira ibishobotse akagarukana abasirikare barungitswe muri Congo, akanarekuza abafashwe n’umuhari M23. Ako ni akamo k’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akaba ananegura inyifato ya leta yigira sindabinezwe mu gihe hari abasoda bapfiriye ku rugamba, iterekana n’ugushaka guhoza imiryango yabuze ababo.