Amakuru
30 septembre 2022

Leta yategerezwa kurondera amafaranga y’agaciro kugira ishobore gucungera ibiciro vy’ivyinjira

Ni ngombwa ko abadandaza babishoboye bazana ibidandazwa biba bitaboneka kw’isoko, n’aho mu minsi iheze leta yasa n’iyitavyumva. Ni ko Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM, abivuga. Uwo mutumire w’ikiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », avuga kandi ko kw’isoko ibidandazwa vyopfuma bizimba hako bibura, kubera amafaranga arihwa mu nzira yo kubikura hanze. Ku kibazo c’ibiciro, ahanura leta gukora ibishoboka kugira ironke amafaranga y’agaciro, kugira bayahe abadandaza gutyo ikagumana ububasha bwo gushinga ibiciro kuri ivyo bidandazwa biva hanze.