Amakuru
2 mars 2023

Leta yategerezwa gutanga umwidegemvyo ku mashirahamwe yigenga n’ibimenyeshamakuru

Ubutegetsi burasabwa kurekuza abaharanira agateka ka zina muntu bapfungiwe mu Mpimba bahurikiye mw’ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye ivy’amategeko. Vyasabwe na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’ugusesagura amatungo ya leta (OLUCOME) ku wa 27 Ruhuhuma, aho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe amashirahamwe yigenga. Gabriel Rufyiri agasaba kandi ko hoba umwidegemvyo ku mashirahamwe yose, ayaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’ibimenyeshamakuru.