Ukwiyongera kw’abandura ikiza c’umugera wa Corona kurabangamiye Uburundi nk’ibindi bihugu vyaba ivy’akarere eka no kw’isi yose. Leta ikaba isa n’iyiriko irahindura inyifato, mu kwemera ko ico kiza kiriko kirarwirirana, ari naco catumye ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bufata ingingo zimwe zimwe, harimwo ukurwiza ibibanza bapimiramwo uwo mugera mu gisagara ca Bujumbura. Mu bihugu bibanyi, ukwiyongera kw’ico kiza kuriko gutuma abarongoye ama leta bafata ingingo zikomeye harimwo ukugabanya amasaha yo gutembera, kugumiza aha bonyene abaje bavuye hanze y’igihugu.
Amakuru
20 décembre 2021