Amakuru
3 juin 2021

Leta yamye ifise abayiserukira mw’ishirahamwe Rainbow rivugwako amanyanga

Leta iriko yiyobanganya ivyo izi. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME. Kubwa Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, ngo ivyo bivugwa n’umushikiranganji wa mbere ko leta yanyazwe itabizi, ntibishoboka. Gabriel Rufyiri ashikiriza ko iyo leta nyene yamye ifise abayiserukira mw’ishirahamwe Rainbow rivugwako ayo manyanga, kandi ku rwego rwo hejuru.