Amakuru
13 août 2022

Leta yabwirizwa gusaba ico bita « crédit d’urgence » kugira ikemure ikibazo c’amafaranga y’agaciro

Ikibazo kiraje ishinga Uburundi uyu munsi si igitoro, ikibazo ni amafaranga y’agaciro. Bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Aho akaba abeshuje ibiheruka gushikirizwa na Methusela Nikobamye, aho yavuze ko ishirahamwe aserukira, Gasen Petroleum, rizorangura igitoro kivuye hanze rikoresheje amafaranga y’amarundi. Ku bwa Gabriel Rufyiri, ahubwo kimwe mu vyotuma ico kibazo c’amafaranga y’agaciro gikemuka, ni uko leta yokwubahuka gusaba ideni bita crédit d’urgence mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ubutunzi.