Amakuru
8 juillet 2023

Leta ntizokwigera yicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 kuko bakwiye guhanwa

Leta y’Uburundi iremanga ko itarota yicarana n’abo yagiriza gushaka guhirika ubutegetsi mu mwaka w’2015. Buvugwa na Albert Shingiro, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Hari mu nama yagirishije abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ku munsi wa kane. Albert Shingiro yabamenyesheje ko inyifato y’intumwa z’Uburundi mu nama y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu ishigikiwe na leta.