Amakuru
2 juin 2023

Leta nta burenganzira ifise bwo kwihagira itongo ry’umunyagihugu itamuhaye umuzibukiro

Ingingo iherutse gufatwa na buramatari w’intara ya Makamba yo gufata mu kwezi kw’icenda amatongo yose ata co akorerwamwo, ihonyanga amategeko agenga agataka hamwe n’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Bisigurwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, aho yibutsa ko mw’Ibwirizwa nshingiro, leta ata burenganzira na bumwe ifise bwo kunyaga itongo umunyagihugu itamuhaye umuzibukiro, mu gihe ico kibanza kigomba kurangurirwamwo umugambi ngirakamaro ku gihugu.