Amakuru
26 novembre 2021

Leta niyo ifise inguvu zo kurandurana n’imizi amabi afatiye ku gitsina

Leta ikwiye gushiraho amategeko aremereye kandi agakurikizwa ku vyerekeye abakora ivyaha bijanye no guhohotera agateka k’abakenyezi. Ibi ni ibishikirizwa na Jérémie Minani, umukuru w’umugambwe w’ihuriro ry’abaharanira intwaro rusangi mu Burundi (RDB). Mu gihe isi yinjiye mu minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, Jérémie Minani asaba kandi leta y’Uburundi gukuraho ingingo ziza zisubiza inyuma umukenyezi, nko kubabuza uburenganzira bwo gutorana.