Uburundi bugeze aho umwansi ashaka ufatiye ku bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu bwahungabanye, uhereye mu bijanye n’agateka ka zina muntu, imigenderanire n’amakungu, eka n’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo biri mu kiganiro c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, RPA hamwe na Télévision Renaissance, ikiganiro categuwe n’urunani rw’Abarundi baba mu gihugu ca Canada, ABC. Abatumire muri ico kiganiro berekana uko ibintu vyategerezwa kuba bimeze, n’uko uno munsi ivyo bisata ata ko vyifashe, bigatuma Uburundi butakaza icizere no ku bahora babufasha.
Développement
3 juillet 2024