Amakuru
26 septembre 2023

Leta ivuga ko imfashanyo zidaciye kuri yo zifasha ibihugu biba vyazitanze

Leta y’Uburundi iridogera abasanzwe bayifasha ko badashigikira imigambi yayo yo guteza imbere igihugu nk’uko ibishaka. Ivyo ngo bikagaragarira mu kuntu ibihugu n’amashirahamwe bishima kudaha imfashanyo yavyo leta ahubwo bikayaha amashirahamwe akorana n’abanyagihugu.

Mbe none imfashanyo zidaciye kuri leta ntizishobora gufasha mw’iterambere ?

Biva kuki kugira leta ntibe icizerwa n’abasanzwe bayifasha ?