Amakuru
25 novembre 2023

Leta itegerezwa gusanura ibisata vy’ubutunzi n’imibano kugira binaguke (Diomède Ninteretse)

Kubungabunga neza ibisata vy’ubutunzi n’imibano, ni kimwe mu vyotuma ubutunzi bwisununura vya nyavyo. Uburundi na bwo bukaba butegerezwa kubikora, ubwa mbere na mbere, bukagarukana abahora babufasha cane, ubu bajanye amafaranga yabo ahandi, nko gufasha impunzi. Ariko leta inategerezwa gusubiramwo imigenderanire ifitaniye n’abadandaza, igatangura kwivuganira n’ibihugu abo badandaza baja kuranguriramwo. Co kimwe n’uko itegerezwa kugarura amafaranga yanyurujwe. Ivyo bihanurwa na Diomède Ninteretse, umuhinga mu vy’ubutunzi. Yabishikirije ku munsi wa gatatu, mu kiganiro catunganijwe na OLUCOME, mu ntumbero yo kwiga uruhara ry’amashirahamwe yigenga mu kugira Uburundi bube igihugu cifashe mu 2040, hanyuma giteye imbere mu 2060.