Amakuru
22 février 2022

Leta iriko iragira inguvu kugira urugomero Jiji-Mulembwe rutangure gukora

Ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Jiji-Mulembwe hamwe n’ibarabara RN18 rizohuza intara ya Mwaro na Gitega ntibiriko birahera vuba. Ibi ni ibivugwa na Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Yabivuze mu rugendo yagize muri izo ntara kuri uyu wa gatanu. Domitien Ndihokubwayo agasaba amashirahamwe ariko akora ivyo bikorwa ko vyoboneka mu mwanya basezeranye.