Amakuru
23 janvier 2023

Urugomero Jiji-Mulembwe rugiye gutangura gukora kuva mu kwezi kwa Rusama

Urugomero rwa Jiji-Mulembwe ruzotangura gutanga umuyagankuba mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka. Ni ko bisigurwa n’umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, Ibrahim Uwizeye. Yabishikirije igihe yishikira kuri urwo rugomero. Asaba abariko bararwubaka kurushiriza inguvu kugira ico gihe cubahirizwe, n’aho hamaze kwibonekeza kutubahiriza igihe cari gitegekanijwe mu ntango.