Amakuru
6 février 2024

Kwimba ubutare bwa uranium kwoba inyuma y’ubushakashatsi ku yihari uko ingana (P. Gikeke)

Inama nshingamateka iherutse gutora itegeko rigenga amasezerano hagati y’Uburundi n’igihugu c’Uburusiya agenga umuyagankuba wa nucléaire ukozwe mu butare bwitwa uranium. Amwe mu makenga y’abashingamateka ni ukubona Uburundi bwihutiye gushira umukono kuri ayo masezerano butaramenya ubutare bwa uranium bufise uko bungana. Umushikiranganji w’Ubutare n’agataka yamenyesheje abashingamateka ko batari kugira ubushakashatsi ata tegeko rirajaho.