Amakuru
1 octobre 2021

Leta irasabwa gutanga umuco ku bantu batera ama grenades mu gihugu

Leta y’Uburundi ikwiye gutorera inyishu mu maguru masha ikibazo c’umutekano igakingira abanyagihugu bariko bazira ubusa. Akamo gaterwa n’urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP), aho rutera ivyatsi iterwa ry’ama grenades amaze guhitana yongera akomeretsa abantu batari bake mu gihugu. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba leta kugira amatohoza kugira ibwire Abarundi abariko barakora ubwo bwicanyi.