Amakuru
15 mars 2022

Leta irakwiye gutegekanya amafaranga yo gushigikira iyubahirizwa ry’agateka k’abakenyezi

Ngo leta y’Uburundi yari ikwiye kwongereza uburyo buhabwa ubushikiranganji bujejwe agateka n’iterambere ry’abakenyezi. Ni mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » mutegurirwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, agatera akamo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ko yofata iya mbere mu guharanira agateka k’abakenyezi n’abigeme, hako yoca inkokora abagaharanira.