Amakuru
1 juin 2023

Leta irakwiye guhindura ingingo yo ku matongo y’i Makamba kugira ntihaduke indyane mu kibano

Abategetsi b’Uburundi barakwiye kwigengesera ku ngingo zimwe zimwe bafata zisanzwe zitaryohera abanyagihugu kugira bareke gushira abanyagihugu mu mutekano muke. Umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC, abivuze afatiye kw’itangazo ryasohowe na buramatari w’intara ya Makamba imenyesha ko amatongo yose atariko ararangurirwamwo umugambi agiye guhabwa abashaka kurima. Vital Nshimirimana avuga ko ingingo nk’izo zihahamura abanyagihugu mu gihe bizwi ko umunyagihugu afise uburenganzira bwo gutunganya amatongo yiwe uko abishatse. Agasaba umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu gusubiramwo iyo ngingo.