Amakuru
31 mai 2022

Leta irakwiye gufata ingingo ku rwego rw’igihugu zirwanya inyonko ya Vallée du Rift

Harakwiye ko haba ingingo y’ubushikiranganji bw’Uburimyi n’ubworozi mu gukinga no kurwanya irandagata ry’indwara y’ibitungwa izwi kw’izina rya Fièvre de la Vallée du Rift. Ni inyuma y’aho iyo ndwara itanguye kwibonekeza mu ntara z’uburaruko haraheze ukwezi, imbere y’uko ikwiragira no mu zindi ntara. Ba buramatari bafadikanije n’abayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara, umwe wese afata ingingo yiwe.