Amakuru
3 novembre 2021

Leta ikwiye gutanga umuco kw’inyuruzwa rya Jean Bigirimana n’iyicwa rya Christophe Nkezabahizi

Kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ukudahana ivyaha bikorerwa abamenyeshamakuru. Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru FIJ, ngo ivyaha bikorerwa abamenyeshamakuru birabandanya kwibonekeza kw’isi. Ku ruhande rw’Uburundi, uburorero butangwa ni iburwa irengero rya Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru IWACU, hamwe n’ubwicanyi bwahitanye Christophe Nkezabahizi yakorera télévision y’igihugu n’umuryango wiwe wose. Kubwa Ernest Sagaga, arongoye igisata c’agateka ka zina muntu muri FIJ, ngo ni akaryo keza ko kwibuka abo bamenyeshamakuru no kwibutsa leta y’Uburundi ko ifise uruhara rwo gutanga umuco kuri ayo mabi hama abayakoze bakabihanirwa.