Amakuru
12 avril 2024

Abanyarwanda baba mu Bubirigi bibuka imyaka 30 inyuma y’ihonyabwoko biyubaka (E. Sagaga)

Abanyarwanda baba mu gihugu c’Ububirigi n’abagenzi b’Urwanda barifatanije n’abandi mu kwibuka ku ncuro ya 30 ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1994, hari ku w’Imana uheze mu gisagara ca Bruxelles. Ernest Sagaga, yashikirije ijambo kw’izina ry’abari bitavye ico gikorwa, yaramenyesheje ko iyo myaka 30 yerekana ukwihangana kw’Abanyarwanda. Yaraneguye abakibandanya guhakana ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi haba mu bucamanza canke n’ahandi. Ariko akaba ashimira cane abifatanya n’Abanyarwanda cane cane nk’ibihugu birungika bamwe mu bagirizwa ako kabi.