Amakuru
9 novembre 2023

Leta ikwiye gusaba amadeni afasha mu kurwiza umwimbu (Diomède Ninteretse)

Amadeni Uburundi bufise mu mashirahamwe mpuzamakungu no mu mabanki y’ubudandaji ngo atuma iterambere ry’ubutunzi ridashoboka. Bivugwa na Dr Diomède Ninteretse, yanonosoye ibijanye n’ubutunzi. Akaba yabivuze kuri uyu wa kabiri itariki 7 Munyonyo mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe OLUCOME co guhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure.