Leta yari ikwiye gukora ibishoboka kugira ngo ubukene bw’igitoro ntibusubire guhekura abavyeyi. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Abishikiriza mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’abakenyezi ». Ni inyuma y’aho inzoya zigera kw’icumi zapfuye zizira ibura ry’igitoro mu mashini itanga umuyagankuba ku bitaro bikuru vyo mu Kirundo. Marie Louise Baricako aributsa leta kandi ko kugira amagara meza kw’abanyagihugu kuri mu bintu vyerekena ko igihugu kiriko kigana iterambere rirama.
Amakuru
26 avril 2022