Amakuru
23 septembre 2021

Leta ikwiye gufata ingingo ziherekeza iyo kugaburira ibitungwa mu nzu

Itegeko ryo kwororera inka mu ruhongore ubwaryo ntiryari ribi. Ikibi ni uko Leta ishaka kurishira mu ngiro gihutihuti nayo itarakora ivyo yategerezwa gukora kugira aborozi bashobore kwubahiriza ibisabwa n’iryo bwirizwa. Uwo ni umwihwezo w’urunani rw’Abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB). Emmanuel Nkengurutse, ari muri urwo runani, avuga ko muri ico cigwa bagize basanze Leta yobanza kuba irabangira mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko. Bitagenze ukwo, ngo kwoba ari guhonyanga uburenganzira bw’aborozi.