Amakuru
23 juin 2022

Leta igiye gufata ingingo zituma ironka aho ikura amafaranga arenga imiliyaridi 600 ku yo ikeneye

Hagiye gushirwa mu ngiro ingingo nshasha zizotuma haboneka amafaranga arenga imiliyaridi 600 abura ku mafaranga leta izokoresha ku mwaka w’2022-2023. Bivugwa na Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Hari kuri uyu wa kabiri aho yariko arasigurira abashingamateka ibijanye n’ayo mafaranga. Ivyo bisigura ko ku mafaranga yakoreshejwe uyu mwaka, hazokwiyongerako ibice birenga 40% ku mafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2022-2023.