Amakuru
20 janvier 2022

Léonard Nyangoma azoguma ari umukuru w’umugambwe CNDD gushika bihindutse

Akarwi k’abagumutsi karongowe na Gaspard Kobako niko kagomvye gusenyura inzego z’umugambwe CNDD. Umukuru w’uwo mugambwe Léonard Nyangoma abivuze inyuma y’aho ku munsi wa kabiri w’ino ndwi umunyamabanga mukuru wa CNDD Jean Claude Basabose atangarije ko Léonard Nyangoma abogojwe mu mabanga y’umukuru w’umugambwe. Léonard Nyangoma akavuga ko ako karwi k’abagumutsi kagiye guhanwa hakwirikijwe amategeko agenga umugambwe.