Amakuru
21 septembre 2022

Kwipfuza gufuta Urwego rw’Abashingantahe, ni nko kwipfuza gufuta ishingiro ry’umuco w’Abarundi

Nta woshobora gufuta urwego rw’Abashingantahe ngo abishobore. Bivugwa na Leonardo Nyangoma, umukuru w’umugambwe CNDD, inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati amenyesheje ko urwego rw’Abashingantahe rufuswe guhera umunsi abatowe mu matora y’abahuza bo ku mitumba bazorahirira. Leonardo Nyangoma ahanura leta ko yari ikwiye nyabuna kunagura urwo rwego kuko rwagiye ruratituka bivanye n’intwaro zitandukanye.