Amakuru
19 décembre 2022

Kwongereza ubumenyi ku bakora mu gisata c’imicokama ni kirumara kuri bo

Umugambi PASACC ufashwe mu mugongo n’Ubumwe bwa Buraya mu gisata c’imicokama wararonkeje impapuro z’umutsindo abakurikiranye inyigisho mu bijanye n’imicokama. Abo ni nk’abakinyi b’ivyese, abaririmvyi, abakora amareresi n’abandi bakorera muri ico gisata. Abaronkejwe izo nyigisho bakavuga ko bahungukiye vyinshi bizobafasha mu vyo bari basanzwe bakora.