Amakuru
19 juillet 2022

Kw’Īsôko: y’uko umuntu akurwa mw’itongo, abanza kuronka umuzibukiro

Abanyagihugu bafise ibibanza biri mu mahegitari 160 ahakikuje inyubakwa z’ikirimba c’umukuru w’igihugu Ntare Rushatsi bazobikurwamwo ku mvo y’uko leta ihakeneye. Vyamenyeshejwe n’umuvugizi wa leta. Imiryango yegwa n’iyo ngingo iracasaba imizibukiro ijanye n’igihe ca none, kuko ibiciro vyashinzwe na leta bihushanye n’itegeko riraba agataka.

None iryo tegeko rivuga iki ?