Société
4 octobre 2021

Kw’Īsôko : Umwimbu wagenze gute mu mihingo itandukanye inyuma y’ugukoresha ifumbire ya FOMI ?

Haraheze imyaka ibiri ifumbire ihingurwa n’uruganda FOMI itanguye gukoreshwa n’abanyagihugu mu Burundi. Mu mwaka uheze w’2020, abarimyi baridoze cane ko umwimbu wagabanutse inyuma y’ugukoresha iyo fumbire. Ariko inyuma y’imyaka ibiri, bamwe mu barimyi bo mu ntara za Mwaro na Kayanza bavuga ko iyo fumbire ya FOMI itanga umwimbu mwinshi gusumba iyo bahora bakoresha, abandi nabo bati umwimbu waragabanutse, bati iyo baba bashobora kuronka ifumbire ya kera ya DAP kuko iya FOMI ataco ibamarira.