Société
3 septembre 2021

Kw’Īsôko : Umurundi w’impunzi yaritabiriye amahiganwa ya « paralympiques » i Tokyo mu Buyapani

Mu mahiganwa mpuzamakungu y’abagendana ubumuga yitwa « Paralympiques » yabereye mu gisagara ca Tokyo mu Buyapani hagati y’amagenekerezo ya 24 Myandagaro na 5 Nyakanga 2021, harimwo umurwi w’abanonotsi batandatu bari baserukiye imiliyoni 82 z’impunzi ziri kw’isi. Muri abo batandatu harimwo Parfait Hakizimana, umusore w’umurundi aba mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda akina umukino wo kurwana hakoreshejwe imigere witwa Taekwondo.