Amakuru
31 mai 2022

Kw’Īsôko : Uburusho ku makori burenga cane amafaranga leta iba yategekanije gukoresha

Amafaranga leta igenera abinjiza ibintu mu gihugu badatanze amakori abandanya aduga. Akarorero, ku mafaranga leta yakoresheje mu mwaka w’2020 ushira 2021, amafaranga yagiye mu binjiza ibintu mu gihugu badatanze amakori angana n’imiliyaridi 157 z’amafaranga y’amarundi mu gihe leta iba yategekanije imiliyaridi 18. Ubwo busumbasumbane bukaba buhagaritse umutima abahinga mu vy’ubutunzi aho babona ko leta ihatakariza ibitari bike.

Ni iki cokorwa kugira amafaranga agererwa ico gisata ntabandanye aba umurengera ?